Ufise uburenganzira ku buhungiro muri Norvege igihe ubuzima bwawe canke uburenganzira bwawe bigeramiwe, canke igihe wohava ugirirwa nabi (torture) canke ugakorerwa ayandi mabi adakorerwa ikiremwa muntu. Amategeko ya Norvege n’amasezerano mpuzamakungu arerekana nimba wokwemererwa ubuhunzi muri Norvege. Iki gihimba cerekana ukobigenda igihe usavye ubuhunzi. Abo bose bakeneye gukingirwa muri Norvege bazobironka. Nico gituma UDI yiga neza gusaba ubuhunzi kwa buri wese. Ibi nivyo bita intambwe zo gusaba ubuhunzi. Ibi vyashizweho kugirango bakore ibishoboka vyose ngo abakeneye gukingirwa bemererwe kuguma aha, mugihe abo umutekano wabo utageramiwe bategerezwa kuva muri Norvege.
UDI yiga gusaba ubuhunzi kwa buri muntu wese, kugirango buri wese yitabweko ata karenganyo kabayeho. Gusaba ubuhunzi kwawe bizokwigwa mu nzira imwe n’ukundi gusaba kose kandi hakurikijwe amatageko amwe, bataravye amamuko yawe.
Iyo usavye ubuhunzi muri Norvege, uba usaba igihugu ca Norvege. Igihugu ca Norvege gishobora kukwemera canke kikaguhakanira. Abasaba ubuhunzi benshi barahakanirwa hanyuma bagasubira mu bihugu vyabo.
UDI ibaza ibibazo umuntu wese yasavye ubuhunzi, maze igakoresha ibivuye muri uko kubaza hamwe n’ayandi makuru mu gufata icemezo nimba wujuje ibisabwa ngo wemererwe ubuhungiro. UDI kandi irazi neza cane ivy’ubuzima mu igihugu waje uturukamo uko bumeze.
Ufise uburenganzira kubuhunzi muri Norvege niba ubuzima bwawe canke ukwishira no kwizana kwawe bigeramiwe, canke niba wogirirwa nabi (torture) canke ugakorerwa ayandi mabi adakorerwa ikiremwa muntu, kubera ivyiyumviro vyawe vya politiki. Ivyo ni nivyo bigenderwako iyo ugirirwa nabi kubera idini ryawe, ubwoko bwawe, canke amamo yawe.
Abakenyezi bashobora guhabwa ubuhungiro mu gihe bagirigwa nabi kubera igitsina cabo. Kugirirwa nabi kubera ivyiyumviro birabana n’uburyo bwo kurangura amabanga y’abubatse - nk’akarorero abagabo barongorana n’abandi bagabo – vyoba imvo yo kuronka ubuhunzi. Amasezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu (ONU) ajanye n’ubuzima bw’impunzi afise insiguro zirenze aha.
Niba abarongoye igihugu waje uturukamwo babasha kugukingira abakugirira nabi, mubisanzwe ntuba wujuje -ivyotuma uronka ubuhunzi muri Norvege. Nta n’ubwo ubuhunzi buhabwa aboshobora kuronkera umutekano mu bindi bice vy’igihugu cabo.
Ushobora guhabwa uruhusha rwo kuba muri Norvege n’aho urugero wagiriweho nabi rutari rukwiriye kugirango uhabwe ubuhungiro kubera imvo za politiki. Ivyo birashoboka mu gihe hari ingwano mu gihugu waje uturukamwo canke kubera yuko wagiriwe ibidakorerwa ikiremwa muntu. Nimba gusaba ubuhunzi kwawe kutemewe, UDI itegerezwa kwihweza niba n’ubundi wokwemeregwa kuguma muri Norvege.
Abashinzwe gucungera umutekano bazokumenyesha ko wahawe uruhusha rwo kuba muri Norvege. Noneho imyiteguro y’ubuzima bwawe bushasha bwo muri Norvege ica itangura. Ibi ushobora kubisoma neza mu gihimba c’indwi.
Bifata igihe kingana gute?
Igihe ivyo gusaba ubuhunzi bimara kiratandukanye kuri buri muntu. Iyo bifashe igihe kirekire, bishobora kuba bisigura yuko UDI iriko itohoza nimba ivyo wavuze ari ukuri. Canke bigashoboka ko UDI iriko iratohoza ingene ubu ibintu bimeze mu gihugu cawe.
Mu gihe gusaba ubuhunzi kwawe bitemewe, ushobora kwitabaza muri sentare. Ako kamo uteye, kigwa n’inama y’uruja n’uruza rw’abantu iraba ivyo kwitwara (UNE). Mu bisanzwe bifata nk’amezi 10 imbere y’uko iyo sentare ifata ingingo.
Iyo UDI yanse kuguha ubuhunzi
Iyo UDI ikwimye ubuhunzi, uhabwa uwukuburanira ngo agufashe. UDI irungikira icete cerekana yuko wahakaniwe ubuhunzi kuri uwo akuburanira. Uwukuburanira nawe araheza aka kumenyesha ko wahakaniwe ubuhunzi, akakumenyesha n’impamvu zavyo. Uwukuburanira azokuronderera umusiguzi mu gihe mutavuga ururimi rumwe.
Ufise uburenganzira bwo kwitwarira ingingo ya UDI yo kukwima ubuhunzi. Ukuburanira abwirizwa gushikiriza UDI kwitwara kwawe mu kiringo kitarenze amayinga atatu kuva aho uboneye urwandiko rw’uko bakwankiye.
Ukuburanira aragufasha kwandika ivyo kwitwara vyawe.Igihe UDI ikomeje kuguhakanira, ikibazo cawe kirungikwa mu nama rw’uruja n’uruza rw’abantu iraba ivyo kwitwara (UNE) kugirango hafatwe ingingo yanyuma. UNE ni urwego ruri ukwarwo, rushinzwe kwiga imanza zo kwitwara zirebana n’uruja n’uruza rw’abantu.
Igihe ukuburanira agufasha gutegura kwitwara, aranagusabira uruhusha rwo kuba uragumye muri Norvege kugeza igihe ukwitwara kwawe kwizwe. UDI ifata ingingo nimba wo kwemerwa kuba uragumye muri Norvege igihe bakiriko bariga kwitwara kwawe. Ubwo rero hari igihe ushobora gusabwa gusubira mu gihugu cawe mbere yuko uronka ingingo ya nyuma.
Iyo UNE nayo ikwankiye ubuhunzi, mubisanzwe utegerezwa kuva mu gihugu mu mayinga abiri. Ushobora kwitwarira muri sentare UNE ku bw’iyo ngingo ya nyuma yo kukwankira. Ubikoze, ukoresha amahera yawe kugirango urihe ibijanye no kwitwara. Ushobora gusaba sentare gutegeka UNE kwongera kwiga ikibazo cawe (Gusaba gusubira kwigwa) Mu bisanzwe ntiwemererwa kuguma muri Norvege mu gihe UNE iriko iriga gusaba kwawe ko ikibazo gisubirwamo.
Igihe gusaba ubuhunzi kwawe kwanswe, utegerezwa kuva mu gihugu. Ico gihe ushobora gusaba urwego mpuzamakungu rushinzwe kwimuka (IOM) kugirango rugufashe muri urwo rugendo rwo gusubira i wanyu. IOM izokurihira amafaranga y’urugendo inagufashe no bindi vya nkenerwa igihe aribo baguherekeje. Ushobora gusoma ibindi bijanye n’iyi ngingo mu gihimba ca 6: Gusubira Iwanyu
Abana
Abana bari munsi y’imyaka 18 basabira ubuhunzi hamwe n’abavyeyi babo bashirwa mu nyandiko zo gusaba ubuhunzi z’abavyeyi babo. Abavyeyi bavyifuza bashobora gusaba ko abana babo batabazwa ibibazo na UDI. Uko abana bamerewe n’ikintu gikomeye mu kugene UDI isuzuma gusaba ubuhunzi kw’umuryango.
Iyo abavyeyi bahawe uruhusha rwo kuba muri Norvege, abana bari munsi y’imyaka 18 nabo baca bemererwa kuhaba. Ingingo nk’izi ninazo zikurikizwa iyo gusaba ubuhunzi kw’abavyeyi kwanswe. Mugabo, gusaba ubuhunzi kwa buri mwana vyigwa ukwavyo bagendeye kukugene ikibazo ciwe giteye.
Gushirwa mu kindi gihugu kirimwo amahoro
Niba warigeze kuba mu kindi gihugu gifise amahoro imbere yuko ushika muri Norvege, canke nimba ufise uruhusha rwo kwinjira mu kindi gihugu gifise amahoro, ushobora kurungikwayo. Ivyo vyitwa amasezerano ya Dublin. Ibihugu vyose vy’Ubulaya bw’ubuseruko ndetse na Norvege, na Iceland birakurikiza ayo masezerano.
Nimba ufise ikibazo kijanye n’amasezerano ya Dublin, ukwiye kwuzuza ibikaratasi vyo kwidondora kandi ukabazwa, ariko abategetsi ba Norvege ntibaziga ivyo gusaba ubuhunzi vyawe. Nta nubwo uzohabwa uruhusha rwo gukora muri Norvege mu gihe urindiriye ko ingingo ifatwa.
Ibintu bishobora kugira ico bitwara gusaba ubuhungiro kwawe
1. Ubwicanyi
Iyo urenze ku mategeko ya Norvege uriko urasaba ubunzi, UDI yiga gusaba ubuhunzi kwawe n’ingoga. Iyo wankiwe ubuhunzi, uca wirukanwa. Unagira n’ibibazo vyo kwinjira muri Norvege no mu bindi bihugu vya Bulaya mu gihe kizoza.
2. Ibindi bintu utovuze mu gihe wobazwa ibibazo
Iyo nyuma yo kubazwa ibibazo wunva ugifise ibindi ibintu bikomeyei byofasha gusaba kwawe, utegerezwa kubimenyesha UDI mu maguru mashya. Ufise uburenganzira n’inshingano vyo kumenyekanisha ivyo bintu mu maguru masha. Wobivugana n’abakozi bo muri ca kibanza cokwakira abantu ubamwo, mu gihewagize amadidane.
Impusha zo gukora z’ikiringo gito
Abantu basaba ubuhunzi muri Norvege barashobora, mu bihe bimwe bimwe, guhabwa impusha zo kuba barakora, mu gihe barindiriye ko ingingo ifatwa. Utegerezwa kuba wujuje ibintu bimwe na bimwe kugirango uronke uruhusha rwo gukora ukirindiriye ko ingingo ufatirwa. Baza abakozi bo mu kibanza utuyemwo co kwakiriramo abantu kugirango ubimenye neza.