Jump to main content Jump to search

Logo

 
  • Send to a friend tips en venn
  • Print skriv ut denne siden

3. Indero

skole og utdanning 
 
Umwana wese afise uburenganzira ku ndero. Abavyeyi bategerezwa kurungika abana babo mu mashure. Iki gihimba kirakwereka bimwe muvyo ukwiye kumenya bijanye n’ukugene indero muri Norvege imeze.


Amashure muri Norvege

Muri Norvege, hari imyaka cumi y’indero y’intango umwana wese ategerezwa kwiga; bisigura yuko abavyeyi bategerezwa kurungika abana babo mu mashure bakanakora kuburyo imyimenyerezo bahawe bayikora. Ishure ritoya n’ishure rikuru ritangura vyigwa kuri gusa, kandi ubutegetsi bw’agace ubamwo buriha ibitabo vy’amashure y’abana.

Abana batangura amashure mu kwezi kwa myandagaro k’umwaka bashikanyemwo imyaka itandatu.

Abana bategerezwa kuja mu vyigwa vyose. Iyo abavyeyi babisavye, abana bashobora kutaja mu vyigwa vy’ikatigisimu n’ivy’inyifato. Abana bo mu wa mbere n’uwa kabiri bamara amasaha 4-5 ku musi. Umusi w’amashure uba muremure ku bana bakuze. Muri Norvege, abana bategerezwa gutekera impamba barira kw’ishure. Nta bifungurwa bitangwa n’ishure.

Abana barahabwa imyimenyerezo guhera mu mwaka wa mbere w’ishure. Abavyeyi babwirizwa gukora ibishoboka kugirango imyimenyerezo ikogwe kandi bakabafasha kuyikora. Amashure mato n’ayisumbuye abanza ntatanga amanota ku buryo abana bakoze, ahubwo abigisha baha abavyeyi inyandiko yerekana uko abana bakora.

Abahungu n’abakobwa biga mu mashure amwe, kandi bigira hamwe ivyigwa vyose. Ni naco kimwe no mu vyigwa vyo kunonora imitsi. Ibi vyanditswe mu mategeko agenga ivy’amashure. Mu myaka ya mbere y’amashure, abana benshi bamara umusi umwe mundwi bakorera hanze. Ivyo bavyita ishure ryo hanze y’imiryango.Muri Norvege, igihe kirekire c’umwaka harakanya cane, imvura iragwa, urubura na . Ni co gituma bikenewe kw’abana bambara impuzu zishushe, ibirato bishushe hamwe n’impuzu z’imvura. Bategerezwa kandi kuba bafise impuzu zo guhindura igihe izindi zitose.

Kwiyandikisha

Umwana wese ategerezwa kuba yanditswe mw’ishure ryaho aba imbere y’uko amashure atangura. Abantu benshi baronka icete kibamenyesha igihe kwiyandikisha bizobera, ariko binandikwa no mu kinyamakuru vy’ako karere. Mu mwaka umwana akwiza imyaka itanu-kenshi ni muri Nyakanga- abavyeyi basabwa kuja kw’ishure bakuzuza urupapuro rw’iyandikwa. Abana bazoguma muri Norvege mu kiringo kirenze amezi atatu bategerezwa guca batangura ishure haciye igihe gito bashitse mu gihugu.

Kurera abana nyuma y’umwanya w’ishure

Amashure afise porogaramu yo kurera abana bakiri bato nyuma y’amasaha y’ishure, ku bana bato cane. Aho niho abana bashobora gukinira bahagarikiwe n’umuntu akuze. Abavyeyi bifuza kw’abana babo barabwa inyuma y’amasomo, barariha ku kwezi. Abana bari muri iyi porogaramu bahabwa udufungurwa tworoshe two kwica inzara.

Abavyeyi n’amashure

Abavyeyi barafashanya n’ishure mu ndero y’abana. Kabiri mu mwaka, abavyeyi bose baratumirwa mu nama hamwe n’abigisha. Izo bazita inama z’abavyeyi.

Rimwe mu mwaka umwigisha atumira abavyeyi ba buri mwana mu nama. Muri iyo nama umwigisha avuga ukungene umwana akora mw’ishure, abavyeyi nabo bakagira ico babivuzeko. Mbere y’izo nama, abana bakuze bandika ico bakunze n’ico banse kw’ishure.

Abavyeyi bashobora gusaba igihe bashakiye kubonana n’abigisha b’umwana wabo, mu gihe bakeneye gusaba impanuro canke bakeneye kuganira nabo ku bindi bibazo.

Imfashanyo y’ivy’ururimi

Abana b’ishure ritangura n’iryisumbuye bahabwa ivyigwa y’iki Norvege, hejuru y’amasomo asanzwe. Abanyeshure bategerezwa kwiga kumva, kuvuga, gusoma no kwandika iki Norvege. Iki Norvege kirakenewe kugira ubashe gukurikira ibindi vyigwa.

Amashure amwe amwe afise ivyumba vyo kwigiramwo vyihariwe ku banyeshure batazi kuvuga iki Norvege. Abanyeshure biga ivyo vyigwa mu kiringo c’amezi atandatu gushitsa ku myaka ibiri. Ngaha bashimikira ku kwiga ivya nkenerwa vy’ibanze mu ki Norvege. Ayandi mashure ashira abo bana mu masomo asanzwe ubwo nyene. Muri ico gihe bahabwa imfashanyo irenze mu vy’ururimi.

Abana barimurirwa mw’ishure rijanye n’imyaka yabo igihe umwigisha yemeza ko iki Norvege bakizi bihagije kugira babashe gukurikira ivyigwa neza.

Abavyeyi bavugana n’umwegisha

w’umwana wabo maze bagafata ingingo niba umwana wabo azogira iki Norvege nk’ururimi rwa mbere canke urwa kabiri. Umunyeshure ashobora guhindura akava mu ki Norvege nk’ururimi rwa kabiri akaja mu masomo asanzwe akoresha iki Norvege mu gihe cose azoba yiga.

Umwana arakeneye cane kwiga uru rimi rw’abavyeyi biwe mu gihe yiga gusoma no kwandika mu mashuri y’intango. Ariko kwigishwa ururimi rw’abavyeyi bishobora gukorwa igihe kinini mugihe bikenewe. Abanyeshure bashobora rimwe na rimwe kwigishwa ayandi masomo mu ndimi z’abavyeyi babo. Muri ico gihe, umunyeshure yiga afise umwigisha w’icigwa yiga n’umwigisha w’ururimi rw’abavyeyi, icigwa yiga rigasobanurwa mu rurimi rwiwe.

Abanyeshure bafise ingorane mu kuvuga, gusoma, no kwandika iki Norvege bashobora kwigishwa ururimi rwabo no mu mashuri makuru atangura. Kwigisha ururimi rw’abavyeyi bishobora kuba mu masaha asanzwe yo kwiga, ku mutaga, kandi bishobora kubera kwishuri rindi ritari iryo umunyeshuri asanzwe yigamwo.

Amashure makuru yo hejuru

Impunzi zifise imyaka hagati ya 16 na 18 zifise uburenganzira bwo kwiyandikisha mu mashuri makuru yo hejuru iyo bahejeje kwiga imyaka icumi y’amashuri ategerezwa kwigwa, canke barahejeje ayandi mashuri ahwanye nayo mu gihugu cabo. Guheza amashure makuru yo hejuru ni ingenzi kugirango wemererwe kuja muri kaminuza canke ayandi mashure yo hejuru.

Ubusanzwe abavyeyi barihira abana babo ibitabo mu gihe biga amashure makuru yo hejuru. Abantu baba mu bibanza vyakirirwamwo impunzi bashobora gusaba UDI babinyujije ku biro vyakirirwamo impunzi, imfashanyo yo kugura ibitabo by’ishure.

Abanyeshure bamwe na bamwe barashobora gukenera gufashwa kundi kuvyo kwigishwa indimi mu mashure makuru yo hejuru. Niyo mvo yatumye amashure amwe amwe ashiraho imyaka ibiri y’inyigisho z’intango zifasha abanyeshure kuronka izindi nfashanyo mu vyo kwiga iki Norvege n’icongereza. Ibi kandi biranabafasha kuronka uwundi mwanya wo kwiga ibindi vyigwa. Baza umuhanuzi muvy’amashure kugirango ubona ayandi makuru.


Last updated 03.08.2009
Published 03.08.2009

Utlendingsdirektoratet

The Norwegian Directorate

of Immigration

Pb. 8108 Dep.

NO-0032 Oslo

(+ 47) 23 35 15 00

www.udi.no/contact