Jump to main content Jump to search

Logo

 
  • Send to a friend tips en venn
  • Print skriv ut denne siden

5. Kumenya amategeko

5. Kumenya amategeko 
 

Igihugu cose gifise amategeko abakibamwo bategerezwa gukurikiza. Ibi birakenewe kubw’umutekano wa buri wese. Iki gihimba kiragufasha kumenya amategeko amwe amwe yo muri Norvege.



Umuntu wese muri Norvege, akeneye kumenya ibibujijwe n’ivyemewe. Igihe uri muri Norvege utegerezwa kwubahiriza amategeko ya Norvege. Amategeko amwe amwe yo muri Norvege atandukanye n’ayo mu bindi bihugu. Ushobora kwagirwa n’icaha n’igihe woba utazi ko uriko urarenga kw’itegeko rya Norvege. Ni co gituma utegerezwa kumenya neza amategeko nyamukuru.

Muri Norvege amategeko ari hejuru y’amadini canke y’imigenzo. Ivyo bisigura ko utegerezwa kwubaha itegeko rya Norvege  n’ubwo vyaba binyuranye n’imigenzo yawe umenyereye. Ntushobora kwiregura wakoze icaha gihanwa n’amategeko, ucitirira imigenzo canke idini.

Mu gihe ukekeranya ko ikintu cemewe canke kibujijwe muri Norvege, baza abakora mu mu kibanza cakira impunzi caho utuye.

Abakozi bo mu mu kibanza cakira impunzi utuyemo bazogusigurira vyinshi ku vyerekeye amategeko yo muri Norvege nk’igihimba ca porogaramu yo gutanga Amakuru.

Abaporisi

Porisi ikora akazi kenshi. Irinda ubugizi bwa nabi amahoro kandi igacungera umutekano. Irinda abanyagihugu mu gihugu imbere, ikanatohoza ivyaha vyakozwe.

Abarondera Ubuhunzi n’Ivyaha

Mu gihe urenze kw’itegeko ryo muri Norvege, ukiriko urarondera ubuhunzi, UDI yiga vuba ibikwerekeye. Baramutse bakwankiye, uca uvanwa mu gihugu mu maguru masha. Bishobora kukugora kwongera kwinjira muri Norvege no mu bindi bihugu vya buraya mu gihe kiri imbere.
Bihanwa n’amategeko kuvuga ibintu canke gutanga inyandiko bitari ivy’ukuri kubirebana no gusaba -ubuhunzi. Abasavye ubuhunzi bakabubima bidasubirwamo bategerejzwa kuva mu gihugu bitarenze igihe bahawe. Batabikoze, abacungera umutekano bashobora kubahagarika, gushirwa mu munyororo, canke kwimurirwa  ahantu h’umutekano barindiwe mbere y’uko babasubiza iwabo.

Ibihano

Urenze kw’itegeko, ushobora kujanwa imbere ya sentare. Basanze wagirwa n’ikosa rihambaye, ushobora kuronka igihano co gushigwa mu munyororo imyaka myinshi canke ugatanga amande menshi; urashobora no guhabwa ivyo bihano vyombi. Igihano kinini muri Norvege ni imyaka 21 yo gufungwa. Igihano kinini gihabwa abanyarumogi rukomeye n’abicanyi. Norvege nta manza zo gupfa bacira abantu.

Ivyaha vy’uburyo. Ivangura ry’amoko

Kuvangura bivuga gufata umuntu nabi kurusha abandi kubera amamo yabo, ibihugu bavamo, ubwoko, idini, uko basa ku rukoba, ubumuga, canke abo barangurana amabanga y’abubatse.
Iyo ufashwe nabi  kurusha abandi kubera ubwoko bwawe, uba uguye mu mporero y’ivangura ry’amoko. Ivyo ntivyemewe muri Norvege, ariko vyongeye bishobora gushika mu maduka, mu kazi canke ahandi hose mu gihugu. Kuvangura bishobora kuboneka no mu bibanza vyakira abasaba ubuhuzi.
Ufise uburenganzira bwo kuvugako wakorewe ivangura, no kwitwara kubera ico gikorwa c’ivangura. Nimba ukorewe ivangura ry’amoko, canke irindi vangura rikomeye, abakoze iryo vangura bashobora kujanwa imbere ya sentare. Abakozi bo mu bibanza vyakira abasaba ubuhunzi bazokubwira vyinshi kuri iyi ngingo, nkuko biteganijwe muri porograramu y’amakuru.

Gukoresha igikenye no guhigira kugiteza

Gukoresha igikenye ukanakomeretsa umuntu uwo ari we wese ntivyemewe muri Norvege. Ibi ni nako bimeze kubantu bo mu muryango. Biranabujijwe kuhigira inabi undi muntu. Amategeko arahana vya ruhasha abakoresha igikenya ku bana n’abakenyezi. Igikenya, hoba hanze canke imbere mu muryango, kirabujijwe.

Gufata kunguvu

Gufata kunguvu umuntu ngo murangure amabanga y’abubatse ni icaha gikomeye muri Norvege. Ni nako bimeze kubyerekeye gufata ku nguvu hagati y’abarongoranye. Nta nsiguro ni mwe iriho yo gufata kunguvu umuntu ngo muranguze amabanga y’abubatse, bitaravye uko uwo muntu yambaye canke yifashe. Abagiriwe n’iyo nyifato batabwa mu munyororo.

Umwaka wo kwihitiramo

Birabujijwe muri Norvege kurangurana amabanga y’abubatse n’umuntu afise musi y’imyaka 16, niyo boba bavyumvikanye. Umuntu wese ajejwe kuraba niba uwo yifuzako barangurana amabanga y’abubatse akwije imyaka 16 y’amavuko.

Kurangurana amabanaga y’abubatse n’abo mu muryango umwe

Kurangurana amabanga n’abubatse n’abo mu muryango umwe (abavyeyi, abana, abomuvukana, abakurambere, n’abandi) vyitwa incest, kandi birabujijwe rwose muri Norvege.

Guca ibihimba vy’irondoka

Gucacura ibihimba vy’irondoka ku bagore birabujijwe vyimazeyo muri Norvege. Uburyo bwose bwo guca ibihimba vy’abagore, harimwo na “Sunna” bifatwa co cimwe no guca ibihimba vy’irondoka. Birahanwa n’amategeko kujana ku kagobero, kwemera canke kugira uruhara mu guca ibihimba vy’irondoka vy’abigeme canke abapfasoni. Guca ibihimba vy’irondoka bihanishwa igihano gishika ku myaka 8 y’umunyororo. Abakozi bo mu bibanza vyakira impunzi bazokubwira vyinshi ku bw’ryo tegeko.

Ingwara zifatira mu kurangura amabanga y’abubatse

Mu gihe uzi ko wafashwe n’ingwara yandurira mu kurangura amabanga y’abubatse, kandi ukaba ucanduza abandi iyo ndwara, uzokurukiranwa. Niba woba ukeka ko wanduye indwara ifatira mu kurangura amabanga y’abubatse, uje kuraba muganga. Abaganga bafise inshingano yo kugumya amabanga y’abarwayi babo.

Gushakana ku nguvu

Umuntu wese muri Norvege agejeje ku myaka 18 afise uburenganzira bwo kwihitiramo uwo bazokubakana. Ibi bisigura ko ata muntu n’uwe aba muri Norvege ategerezwa kurongorwa ku nguvu atavyishakiye haba mu gihugu canke hanze. Buri wese afise uburenganzira bwo gufata ingingo we ubwe niba ashaka gutandukana nuwo bubakanye.

Umuryango n’ikintu cubahwa mu ma dini menshi. Ariko itegeko ritegerezwa kwubahwa n’ubwo hoba hariho amabwirizwa abivuga ukundi mu yindi imigenzo canke amadini.

Kugirira nabi abana

Abana ntibategerezwa gukubitwa amakofe, ibicamurundi canke ubundi buryo bwose bwo gukoresha igikenye haba hanze canke muhira. Ibihano vyose vyo ku rukoba canke kubabaza umutima w’umwana bihanwa n’amategeko kandi ababikora barakurikiranwa. Kurangurana amabanga y’abubatse n’abana birabujijwe cane kandi bene ivyo vyaha bishobora kuvamo umunyororo w’igihe kirekire.

Urwego rushinzwe imibereho myiza y’abana rushobora kubaza ivy’ari vyo igihe babona k’umwana ageramiwe. Ushobora kumenyesha urwego rushinzwe imibereho myiza y’abana mu gihe uzi umwana ageramiwe. Mu bisanzwe abakozi b’urwego rushinzwe imibereho myiza y’abana batanga inyigisho ku bavyeyi kugirango bashobore gukurikirana abana babo.

Ibigwanisho

Binyuranye n’amategeko kwitwaza ibigwanisho birasa, imbugita, canke ibindi bigwanisho, n’ubwo hoba ari mu migambi yo kwikingira. Ni nako bigenda vyerekeranye n’ibintu bisa neza n’igwanisho birasa, ibikinisho vy’abana, “inkoho zoroshe nikindi kintu cose cobonekana nk’ikigwanisho. Binyuranye n’amategeko kugura canke gucuruza ibigwanisho udafise uruhusha rutangwa n’abategetsi ba Norvege.

Ibiboreza

Biremewe kunywa ibiboreza aho ariho hose muri Norvege. Binyuranye n’amategeko gutwara imodoka wanyoye ibintu biboreza.

Ibiyayura umutwe

Kudandaza, kugira, no kunywa ibiyayura umutwe ivyo ari vyo vyose birabujijwe muri Norvege. khat, hashish, na cannabis/ marijuana, ubundi bishobora kuba vyemewe mu bihugu bimwe, bifatwa nk’ibiyayura umutwe muri Norvege.

Ukunyuruza ibintu

Birabujijwe kwinjiza ibidandaza mu gihugu bidaciye mu mategeko. Kugura no kudandaza, uko ari ko kose, ibidandazwa vyanyurujwe bishobora kuvamo kujanwa imbere ya sentare. Ni ahawe kumenya ko uguze ibidandazwa bitanyurujwe.

Ubusuma no kugira uruhara kubintu vyibwe

Ubusuma buhanwa n’amategeko muri Norvege. Bihanwa n’amategeko kugura canke kudandaza ibintu vyibwe n’aho vyoba vyibwe n’uwundi muntu.

Ubumaraya, no gucuruza abantu

Bihanwa n’amategeko kugura canke kudandaza ikindi kiremwa muntu. Bihanwa n’amategeko guha akazi umuntu kugira abe umumaraya canke ngo afashe mugutunganya ivy’ubumaraya.

Nimba uri umwe mubo ivyo bikorwa vyashikiye, ushobora kuronka imfashanyo yo kubivamo. Wiganire abakozi bo mu bibanza vyakirigwamo abasaba ubuhungiro aho washikiye niba hari umuntu agukwega mu bumaraya, canke agerageza kukujana ku nguvu mu bumaraya. Ukwiye no kwiganira UDI uko umerewe.


Last updated 03.08.2009
Published 03.08.2009

Utlendingsdirektoratet

The Norwegian Directorate

of Immigration

Pb. 8108 Dep.

NO-0032 Oslo

(+ 47) 23 35 15 00

www.udi.no/contact