Jump to main content Jump to search

Logo

 
  • Send to a friend tips en venn
  • Print skriv ut denne siden

6. Gusubira iwanyu

6. Gusubira iwanyu 
 

Ugusaba ubuhunzi kwawe kwanswe burundu, uba ubuze uruhusha rwo kuguma muri Norvege. Iki gihimba Kirakubwira ivyo ukeneye kumenya ku vyerekeye intambwe wofata mu gihe bakwankiye ubuhunzi.



Ugusaba ubuhunzi buremerwa canke bugahakanwa. Benshi mu barondera ubuhunzi barabura uruhusha rwo kuguma muri Norvege, ubwo bagategerezwa gusubira iwabo.

Ushobora kumva urenganijwe mu gihe gusaba ubuhunzi kwawe kwanswe. Abantu benshi bibaza ko bafise imvo nziza zotuma baguma muri Norvege. Ushobora kuba warasize inzu n’imitungo yawe inyuma kugira ngo uhungire muri Norvege. Ariko niba gusaba ubuhunzi kwawe vyanzwe, n’ukuvuga ko abakuru bo muri Norvege batemera ko hari imvo zihagije zoguhesha ubuhunzi.

Igihe uhakaniwe bwa nyuma ku gusaba ubuhungiro kwawe, abategetsi bitega ko uca usubira ku mavuko yawe. Mu bisanzwe uzoba ufise inshingano yo kuva mu gihugu mu kiringo kiri hagati y’indwi 2-3 umaze kuronka icete kiguhakanira ubuhunzi.

Birakenewe ko wewe n’umuryango wawe mwoba mwiteguriye uko guhakanirwa burundu kugira mumenye ico mwokora. Murakwiye gushira mu gaciro kubireba amahirwe mufise yo guhabwa ubuhunzi. Nimba mwarakoranye urugenzi muri Norvege n’abana, birakenewe cane ko mubasigurira ingene bimera mu gihe kuronka ubuhunzi bidakunze.

Ihakanirwa

Mu gihe gusaba ubuhunzi kwawe kwanzwe, urahabwa uwukuburanira. Ufise uburenganzira bwo kwitwara inyishu yo ku kwima ubuhunzi. Uwukuburanira azogufasha gutegura kwitwara kwawe.

Gusubira iwanyu

Niba harafashwe ingingo ntayegayezwa iguhakanira ubuhunzi, utegerezwa kuva muri Norvege.Uzotumirwa mu nama hamwe n’abakozi bo mu bibanza -vyakira impunzi. Bazo kumenyesha uburyo bwogufasha usigaranye nyuma yuko wahakaniwe bidasubirwaho.

Ushobora  gusaba IOM kugufasha no kuguha imfashanyo y’amahera mu gihe co gusubira iwanyu. imfashanyo uzoyironka mu gihe wemeye gusubira mu gihugu cawe c’amavuko ku bushake bwawe.

IOM izogufasha kuronka ivyangombwa vy’inzira. Kujana na IOM ni ku buntu.

Iciza co kwitabaza IOM n’uko ivyo ukoresheje vyose babikurihira, bagufasha kuronka ivyangombwa vy’inzira no kuronka itike y’indege.

Utegerezwa gusaba imfashanyo IOM  mbere y’uko ikiringo ufise co gusubira iwanyu kirangira. Vugana n’abakozi bo mu bibanza vyakira impunzi utuyemo.

Gusubizwa i wanyu ku nguvu

Mu gihe ukiri muri Norvege ikiringo co gusubira iwanyu cararenze, ivyawe bizoja mu minwe ya porisi. Uzojanwa hanze y’igihugu ku nguvu niba utijanye ku bushake. Mu gihe ujanwe ku nguvu, uzojamo ideni ubutegetsi bwa Norvege ry’amahera bakoresheje kukujana hanze y’igihugu. Ayo mahera ategerezwa kurihwa mbere y’uko wongera kwemererwa kwinjira mu gihugu.

Infashanyo y’amahera uhabwa iyo usubiye iwanyu

Igihe wemerewe kuguma muri Norvege, ariko ukaba ugomba gusubira iwanyu, woshobora kuronka imfashanyo y’amahera. (imfashanyo yo gusubira I muhira). Hejuru y’iyi mfashanyo, abategetsi ba Norvege bazoriha ibijanye n’urugendo rwawe. Ntabwo wemerewe iyo mfashanyo mu gihe bakiriko bariga ivyo gusaba ubuhunzi bwawe canke iyo bakwankiye kubuguha


Last updated 03.08.2009
Published 03.08.2009

Utlendingsdirektoratet

The Norwegian Directorate

of Immigration

Pb. 8108 Dep.

NO-0032 Oslo

(+ 47) 23 35 15 00

www.udi.no/contact