Jump to main content Jump to search

Logo

 
  • Send to a friend tips en venn
  • Print skriv ut denne siden

7. Igihe wahawe uruhusha rwo kuba muri Norvege

7. Igihe wahawe uruhusha rwo kuba muri Norvege 
 
Iki gihimba kiragusigurira ibizokurikira mu gihe uronse uruhusha rwo kuguma muri Norvege, harimwo n’amahirwe uzoba ufise yo kurondera aho uba, n’amashure aboneka ayo ariyo. Indaro y’aho bakirira abasaba ubuhunzi ni ivy’akanya gato mu gihe ukirindiriye kumenya inyishu y’ivyo gusaba ubuhunzi kwawe. Mu gihe uronse uruhusha rwo kuba muri Norvege, uzoheza uve muri ico kibanza cakira impunzi washikiramo.


Ufise ibintu bibiri vyo guhitamwo:

1) Ushobora kwironderera aho kuba nta mukuru agufashije. Bigenze gutyo utegerezwa kwimenya mu buryo bw’amahera

2) Ushobora gukorana n’ikibanza gishinzwe kwakira abasaba ubuhunzi hamwe n’ubuyobozi bushinzwe ibiraba kubana neza (IMDI) mu kurondera aho kuba.

Ushobora kwironkera aho kuba ubwawe wenyene. Ico gihe utegerezwa kuba ufise amahera akwiye yo kugutunga n’umuryango wawe kuko nta mfashanyo n’imwe uzoronka yo kukurihira aho kuba mu gacimbiri kawe gasha.

Mu gihe ubeshwaho n’imfashanyo ivuye muri reta, ibibanza vyakira abasaba ubuhunzi na IMDI bazogufasha kubona igisagara uzobamo. IMDI izokwereka aho kuba rimwe gusa, uhanse uzoca ubura uburenganzira bwo kuguma mu kibanza cakira abasaba ubuhunzi. Uzoca utakaza n’uburenganzira bwo gufashwa mu buryo bw’amahera.

Kwimuka no kuja kuba ahandi

Mu gihe wewe n’abo mu kibanza cakira impunzi muronse icete kibamenyesha ko uronse uruhusha rwo kuguma muri Norvege, hazoba inama yo kwiga ivyo kwimukira ahandi. Intumbero y’iyo nama n’ukugira barabe ico ushaka kuzokora muri kazoza. Ni vyiza kurondera igisagara gihuje n’intumbero yawe. Itohoza ryo kumenya aho wifuza kwimukira, iba mu ndwi zibiri nyuma yuko umaze kuronka uburenganzira bwo kuba muri Norvege.

Ikibanza vyakirigwamo abasaba ubuhungiro na IMDI  bazogushakira igisagara co kubamwo bakurikije ivyo wavuze mu nama ireba ivyo kwimuka. Ni co gituma bikenewe ko uvuga akazi wifuza, ivyo kwimenyereza akazi, canke ivyigwa wifuza. Utegerezwa kubamenyesha kandi niba uza ufise umuryango canke abagenzi baba muri Norvege, canke n’ikindi cose coba nkenerwa mu kurondera aho wifuza kuba.

Mu gihe c’inama irebana no kwimuka uzohabwa idonido amakuru y’ingene urondera igisagara wobamwo.

Kwimuka

Ibiro vy’akarere vya IMDI iraheza igahitamo igisagara uzimukiramo. IMDI igerageza gukurikiza ivyo wavuze muri ya nama irebana no kwimuka. Ariko s’igihe cose bikunda ko bakuronkera igisagara kijanye neza n’ivyifuzo vyawe.  IMDI izokuronderera igisagara aho ushobora kugira amahirwe yo kuronka akazi canke gukomeza amashure, ugira uruhara muri porogaramu yo kumenyerezwa (introduction programme). Soma vyinshi kuvyerekeye iki igice kivuga kuri porogaramu yo kumenyerezwa.

Rondera ahantu hafise ivyo uriko urarondera. Abakozi bo mu bibanza vyakira impunzi bazokwereka uko urondera ibisagara bitandukanye muri Norvege. Niba uri umuntu wingoga, bizokworohera kuronka igisagara wifuza.

Abantu benshi bifuza kuba mu karere basanzwe batuyemo, canke ahantu hegereye aho bahisemwo ubwa mbere.

Abantu benshi bashaka gukomeza kuba mu gisagara kimwe. Igisagara cose gifise gusa ibibanza ntarengwa., s’umuntu wese ashobora kwimukira mu karere yahisemwo ubwa mbere.

Igihe wemerewe kwimukira mu gisagara kanaka, ushobora kuguma mu kibanza cakira abasaba ubuhunzi washikiyemo gushika igihe igisagara uzobamwo citeguye ku kwakira. Ikiringo umara mu kibanza abasaba ubuhunzi bashikiramwo, utegereje, bitandukana umuntu ku muntu.

Igihe ingingo y’aho uzimukira yamaze gufatwa, igisagara kizokwakira kizoguhamagara gihamagare ikibanza urimwo. Bazokumenyesha inzu uzimukiramo n’igihe uzoyimukiramo. Uzohabwa n’izindi nsiguro nkenerwa zerekeranye no kwimuka.

Wibuke yuko IMDI iguha rimwe gusa aho wimukira. Iyi mpano uyanse, uzobura imfashanyo y’amahera wahora uronka, kandi ugaca usohoka muri ca kibanza cakira abasaba ubuhunzi cakwakiriye.

Kwiga iki Norvege

Abantu benshi bahawe uruhusha rwo kugerera, bafise uburenganzira  n’inshingano zo  kwiga isomo ry’ururimi rwa Norvege.Utegerejwe kuba warangije iki cigwa kugira ushobore kuronka uruhusha bwo kuguma mu gihugu kwa cane canke ubwenegihugu.

Utegerezwa kuba warangije icigwa c’ururimi rwa Norvege mbere yuko imyaka 3 yambere irangira uri muri Norvege.  Ivyo biraba abaronse uruhusha rwo kuguma muri Norvege nyuma y’itariki 1 ya nyakanga 2005.

Kubasha kuvuga iki Norvege ni nkenerwa kugira utahurwe kandi utahure, kuronka akazi canke amashure, no kugira uruhara mu umuryango wa Norvege. Niwaba uzi neza iki Norvege canke ukagira ivyo uzi ku rurimi rwa Sami, bishobora kutaba ngombwa ko -utegerezwa gukurikira inyigisho y’ururimi.

Igisagara cakwakiriye nico gifise inshingano zo kwigisha ururimi rwa Norvege. Bazofata ingingo niba wokwiga iki Norvege. N’utaronka inyigisho ufiseho uburenganzira, ufise uburenganzira bwo kwitwara.

Porogaramu yo Kumenyerezwa

Abantu benshi baronka uruhusha rwo kugerera baja muri porogaramu yo kumenyerezwa. Uzoja muri iyo porogaramu nyuma y’ikiringo gito washitse mu gisagara cakwakiriye. Iyi ni porogaramu y’ivyigwa abakuze bose b’inyambukira (immigrants) bafise kahise k’ubuhunzi, bari hagati y’imyaka 18-55 bafiseho uburenganzira kandi bategerezwa kujamo

Intumbero y’iyi porogaramu n’ukugira bikorohereze kuronka akazi, kwirwanako mwe n’umuryango wawe. Iyo porogaramu  ijamwo abagabo n’abagore. Uzohigira iki Norvege, n’imibereho y’ umuryango Norvege, n’ubuzima bwo gukora.

Ivyigwa bitangwa muri porogaramu yo kumenyerezwa, bizotangwa baravye kahise kawe n’imigambi yawe ya kazoza.

Porogaramu yo kumenyerezwa ni porogaramu ifata umisi wose, imisi itanu mw’iyinga, gushika ku myaka 2.

Iyo uronse akazi kaguhemba ukaba wishoboye mu buryo bw’amafaranga, ushobora kuva muri iyo porogaramu mbere y’uko imyaka 2 irangira. Igisagara ubamwo, kibanza kuvyemeza igihe wifuza kuva muri iyo porogaramu.

Urahabwa imfashanyo ya mbere mu gihe uja muri porogaramu yo kumenyerezwa. N’umushahara w’uko uja muri iyo porogaramu. Porogaramu yo kumenyerezwa ifise amategeko asa n’ayakazi. Utegerezwa kuriha ikori ku mfashanyo ya mbere uronka, kandi urakatwa kuri iyo mfashanyo mu gihe wasivye atagituma kigaragara. Uremerewe gukora akandi kazi gafatanije n’iyo porogaramu yo kumenyerezwa.

Igisagara gifise inshingano yo gutunganya porogaramu yo kumenyerezwa. Ni ico gisagara cawe nyene gifatira ingingo nimba utegerezwa kuja muri porogaramu yo kumenyerezwa.

Ufise uburenganzira bwo kubaza igituma utemerewe kuja muri iyo porogaramu. Abakozi b’ikibanza cakira impunzi washikiyemo bazokumenyesha ibindi vyerekeranye na porogaramu yo kumenyerezwa.

Indero

Igihe wahawe uruhusha rwo kuba muri Norvege, uremerewe kwiga muri kaminuza canke college y’amashure yo hejuru. Hari ibisabwa bimwe bimwe mbere yuko ufata ivyigwa vy’amashure yo hejuru. Ufise ubumenyi wavanye mu gihugu cawe ni ngombwa ngo vyemerwe n’abategetsi ba Norvege. Usiguze abakozi b’ikibanza cakira impunzi washikiyemo canke mu bibanza vy’uburezi bw’abakuze.

Inomero ya karangamuntu n’Ubwenegihugu

Igihe wahawe uruhusha rwo kugerera, urahabwa inomero ya karangamuntu ya Norvege. Iyi numero irakomeye kugirango bigushoboze kubona indishi y’agateganyo, kwivuza, kwiga, canke uruhusha rwo gukora muri Norvege. Uzohabwa inomero ya karangamuntu n’ ibiro bishinzwe kubarura abanyagihugu (National Population Register).

Guhuza Umuryango

Igihe wahawe uruhusha rwo kugerera, abava mu muryango wawe ba hafi bashobora gusaba  kugusanga muri Norvege.

Bategerezwa kubisaba muri ambassade ya Norvege iri hafi canke ku bindi biro biyiserukira. Uruhusha rutangwa ku kiringo c’umwaka umwe rimwe gusa.

Abava mu muryango wawe ba hafi ni abomwubakanye canke abo mubana banditswe, abo mumaze imyaka 2 irenga mubana nk’abashakanye, n’abana  bari musi y’imyaka 18.
Bamwe mu bandi bo mu muryango wawe nabo nyene bashobora kwemererwa kuba muri Norvege.

Ibihe vyinshi urasabwa kuba ufise amahera winjiza mbere yuko abo mu muryango wawe bemererwa kuza muri Norvege.

Abantu baza muri Norvege muri porogaramu ihuza imiryango nabo bafise uburenganzira bakanategerezwa gufata ivyigwa ry’ururimi rwa Norvege. Abenshi baracagurwa kugira baje muri porogaramu irebana no kumenyerezwa. Soma vyinshi kuri iyi ngingo hejuru.

Hari amategeko utegerezwa gukurikiza igihe usaba guhuza umuryango wawe. Uzoronka insiguro ukeneye kuri website ya UDI (www.udi,no).  Ibikenewe kumenywa birasiguye mu ndimi nyinshi. Usabe abakora mu kibanza cakira impunzi ubamo mu gihe ukeneye kumenya inkuru irashe.

<

Inzu yawe nsha

Iyo wimukiye mu nzu canke mw’igorofa, hari ibintu vyinshi ukwiye kwitondera. Mu gihe utazi ingene bafata inzu, ni vyiza kubaza kurusha kurindira kugeza hari ibigenze nabi. Abakozi b’agacimbiri kawe bazokwishura ibibazo ufise.

Ishingano

Iyo uba mu nzu ukotesha ushinzwe gufata neza imbere hayo. Ibi birimo hasi, ku mpome, ku gisenge, ibintu bifashe kunzu imbere, n’ibintu vyo munzu ukoresha. Igihe utabungabunze neza inzu urimo, utegerezwa kuriha icononekaye cose.

Ivyo Kwishura

Igihe wibana uzoba ufise ibintu vyo kwishura vyinshi. Harimwo amahera yo gukotesha, umuyagankuba, uruhusha rwa televisiyo na telephone.

Impapuro z’ivyo kuriha uziirungikirwa mw’iposita. Utegerezwa kuriha amahera yo kukodesha buri kwezi. Igihe igisagara kitatunganije gushira umuyagankuba mu nzu yawe utegerezwa kwigwanako.


Mu gihe utariha ivyo utegerezwa kuriha kw’itariki yagenwe, urarungikirwa urwibutso-urwo rwibutso rushobora kwongerwako andi mahera y’uko wibukijwe. Igihe ukomeje kutariha ivyawe bishobora kujanwa mu biro bishinzwe kwishuza amadeni. Bisigura yuko ibintu vyawe vyaba bifise igiciro kingana n’amadeni ufise, bifatwa bikagurishwa, canke ukariha n’indi ndishi y’igihano igeretsweko. Ushobora kandi kujanwa mu biro vy’abishura nabi; ivyo navyo vyotuma utabona ingurane mu gihe uyikeneye.

Ubwishingizi

Utegerezwa kugura ubwishingizi (assurance) bw’ivyo utunze n’inzu nyene, ukabirinda umuriro, umwuzure, n’ubusuma. Kugira ubwishingizi bivuga yuko uronka indishi, ku bintu hafi ya vyose, igihe watakaje ivyawe vy’agaciro, ibintu nk’ivyo bishitse. Ubwishingizi bigurwa amahera.

Ivy’umuriro

Amazu yose ategerezwa kuba afise vyibura ikimenyesha ko hari umuriro wadutse n’ikiwuzimya. Ikizimya umuriro gikoreshwa kuzimya umuriro wadutse mu vyuma bikoreshwa n’umuyagankuba. Imicanwa yadutse mubitari ivy’umuyagankuba bizimishwa amazi. Umuriro wadutse, utegerezwa guhamagara urwego rujejwe kuzimya umuriro ugafyonda 110.

Ubwiteganirize bwa Leta

Porogaramu y’ubwiteganirize bwa leta ya Norvege itanga imfashanyo ku bantu bayikeneye. Wibuke ko gusaba imfashanyo y’ubwiteganyirize utayikeneye ari icaha gihanwa n’amategeko.

Porogaramu y’ubwiteganirize bwa leta ya Norvege itanga indishi ku bantu badashoboye gukora ngo baronke ivyo kubatunga. Kugirango wemererwe imfashanyo y’ubwiteganirize utegerezwa kuzuza igitigiri c’ibisabwa. Ntidutegerezwa kuvyandika vyose muri kano gatabo. Ibiro bishinzwe ubwiteganirize bwa leta mu karere utuyemo izoguha insiguro ukeneye. Uru n’urutonde rw’ imfashanyo z’ubwiteganyirize zikunda gutankwa.

Indishi u’burwayi

Igihe ugwaye udashobora gukora, uremerewe kuronka indishi y’uburwayi isubirira umushahara watakaje. Ni ngombwa kuba warakoze vyibura indwi 4 mu kibanza wahora ukoreramo kugira uronke indishi y’uburwayi, kandi wemererwa kubona iyo ndishi kuva umusi wawe wambere uhagaritse akazi. Indishi y’uburwayi itangwa mu mpera y’ukwezi.

Indishi ihabwa abana bagwaye

Ufise uburenganzira bwo gusaba indishi ihabwa abana bagwaye mu gihe utaja ku kazi kugirango urere umwana ushinzwe afise musi y’imyaka 12. Indishi y’abana barwaye itangwa igitigiri runaka c’imisi buri mwaka kuri buri mwana.

Indishi y’Ubumuga

Nimba udashoboye gukora kubera indwara idakira canke imvune, uremerewe kuronka indishi y’abatishoboye igihe gito canke pensiyo y’ubumuga. Ushobora kuronswa indishi y’ubumuga mu gihe utabashije gukora mu kiringo runaka.
Pensiyo y’ubumuga irihwa iyo biboneka yuko utazosubira gukora ukundi.

Pensiyo yo mu Busaza

Iyo upasuye, mu bisanzwe ku myaka 67, urahabwa pensiyo y’ubusaza ivuye muri reta. Uko pensiyo ingana bivana n’amafaranga uba warakoreye mu buzima bwawe bw’akazi. Umuntu wese arengeje ku myaka 67 arahabwa vyibura pensiyo ntoya.

Niwaba ushaka kumenya vyinshi vyerekeranye n’iharurwa rya pensiyo yo mu busaza canke ugashaka kumenya angahe ushobora kwitegurira kuronka mu gihe upasuye, baza mu biro bishinzwe ubwiteganiriza bwa Leta mu gacimbiri ubamwo.
 
Indishi ubwiteganirize bwa Leta
Ibiro bishinzwe gufasha birashobora gufasha gutorera inyishu canke bikarinda ingorane mu bantu. Ibiro bishinzwe gufasha bibwirizwa kandi kuronkera aho kuba ba bandi badashora kuronka ibibanza vyo kubamwo. Abantu badashobora gukora canke kwibeshaho mu nzira imwe canke iyindi, bashobora kuronswa imfashanyo y’amahera ivuye mu biro vy’ubwiteganiriza bwa Leta vy’agacimbiri babamwo.

Ushobora gusaba imfashanyo ku biro bishinzwe gufasha niba ubikeneye. Wo kwitwara mu gihe wabisavye bigahakanwa.


Last updated 03.08.2009
Published 03.08.2009

Utlendingsdirektoratet

The Norwegian Directorate

of Immigration

Pb. 8108 Dep.

NO-0032 Oslo

(+ 47) 23 35 15 00

www.udi.no/contact