Jump to main content Jump to search

Logo

 
  • Send to a friend tips en venn
  • Print skriv ut denne siden

8. Abasaba ubuhungiro bari munsi y’imyaka 18

8. Abasaba ubuhungiro bari munsi y’imyaka 18 
 
Niwaba uri munsi y’imyaka 18 kandi washitse muri Norvege utari kumwe n’abavyeyi, uri mu mugwi udasanzwe witwa abana basaba ubuhunzi batari kumwe n’abakuze. Igihe waskikaga muri Norvege, warabwiwe bishobora kugushikira mu gihe wari umaze kuba uwusaba ubuhunzi. abana batari kumwe n’abakuze bakiri bato (abana n’abayabaga bari munsi ya 18) bakenewe bidasanzwe kurindwa. Muri iki gihimba turasigura uburyo ufise n’ivyo ufitiye uburenganzira mu kiringo ca mbere ugeze muri Norvege.


Ibibanza vyakira abana -batari kumwe n’abakuze

Indishi y’Ubumuga abana batari kumwe n’abakuze basaba ubuhunzi bafise uburenganzira budasanzwe. Ibibanza vyakira abasaba ubuhunzi bifise ivyumba bitandukanye vy’abana batari kumwe n’abakuze hamwe n’abayabaga. Ibi vyumba bifise abakozi bakora amasaha yose. Umwe mu bakora mu bibanza vyakira abasaba ubuhunzi azoba uwo kukuraba. Abakozi b’ikibanza cakira impunzi washikiyemo baragushinzwe kandi bazogufasha mu vyo ukenera umusi ku wundi.

Uwukwishingiye

Ushitse muri Norvege, uzohabwa uwukwishingiye. Uwukwishingiye azokora ibishoboka vyose kugirango uronke ivyo ufitiye uburenganzira. Uwukwishingiye azogufasha mu nyungu zawe muvy’amategeko no mu mahera. Baza abakozi b’kibanza cakira impunzi ivyo uwukwishingiye ashobora kugufashamo.

Uwukuburanira

Uzohabwa imfashanyo y’uwukuburanira. Uwukuburanira azogufasha gusaba ivy’ubuhunzi muri Norvege. Ubusanzwe utegerezwa kubonana n’uwukuburanira mbere yuko ubazwa ibibazo muri UDI, akagufasha gutegura uwo mubonano. Nyuma y’aho, wewe n’ukuburanira muzoja muri uwo mubonano kandi mukore kuburyo ivyo watuye vyose bibe ari ukuri. Igihe gusaba ubuhunzi kwawe guhakanwe, uwukuburanira wawe azogufasha gutanga kwitwarira iyo ngingo.

Indero

Umwana wese muri Norvege ategerezwa kuja kw’ishure. Niba ufise hagati y’imyaka 6-16, uzoja mw’ishure ribanza canke ryisumbuye ry’ibanze. Ikibanza cakira impunzi ubamwo kizokwandikisha mw’ishure rikwiye. Niba ufise imyaka hagati ya 16 na 18, utegerezwa gufata icigwa c’ururimi rwa Norvege. Ufise kandi uburenganzira ku -vyigwa -vyigishwa mu mashure makuru y’intango. Hanyuma intumbero n’iyo kugira ushobore gukora ikibazo ca nyuma c’ishure rikuru ribanza. Abakozi b’ikibanza ubamo bazovugana n’ishure kandi bakore ibishoboka -kugirango uronka imfashanyo mu -myimenyerezo yawe.

Porogaramu y’amakuru

Uzogira ivyigwa vyinshi vyo kwiga kw’ishure. Ariko hari ibintu uzokenera kumenya kandi ishure ritigisha. Nk’umuntu urondrera ubuhunzi, urakeneye kumenya ivyo wemerewe n’ivyo ufiseho uburenganzira. Ukeneye no kumenya ico wokora ubwawe mu bihe bitandukanye. Abakozi b’ikibanza ubamo bazobigusigurira, banagusigurire n’ibindi bintu biri muri porogaramu yo kumenyesha amakuru.

Kwemeza imyaka yawe

Abantu bamwe bakuze biha imyaka iri musi ya18 kuko bibaza yuko vyobahesha amahirwe menshi yo guhabwa ubuhunzi. Nico gituma UDI ikoresha ibipimo vyo kwa muganga kugira imenye imyaka y’usaba ubuhunzi. Ushobora kwemera canke kwanka ivyo bipimo vya muganga, ariko bigabaya uburemere bwo gusaba ubuhunzi kwawe iyo wanse gupimwa.

Kurondera incuti n’abavyeyi

Iyo ushitse muri Norvege, bashobora kugufasha kurondera abavyeyi bawe, niba bakiriho. Ushobora no kuronka imfashanyo yo kurondera izindi ncuti. Iyo utanze neza ibibaranga bishobora gufasha mu kurondera umuryango wawe, vyokoroha kubashikako. Ushobora kuvugana n’ Abakozi b’ikibanza ubamwo kugirango umenye vyinshi vy’ingene ushobora kugerageza kuvugana n’umuryango wawe.

Kwimuka

UDI yiga ivyo gusaba ubuhunzi vy’abana binyarutse kurusha ivy’abandi. Ibi bikorwa kugira ikiringo umara mu kibanza cakira impunzi kibe gito gishoboka. UDI yiga ivyo gusaba ubuhunzi vy’abana binyarutse kurusha ivy’abandi. Ibi bikorwa kugira ikiringo umara mu kibanza cakira impunzi kibe gito gishoboka.Niba waremerewe kuba muri Norvege uzoronka icemezo kivuye ku bakuru b’uducimbiri kiguha aho kuba, mu kiringo kitarenze amezi 3, nyuma yuko UDI ikwemereye kuguma hano. Vugana n’abakozi bo mu kibanza cakira impunzi washikiyemo kugira umenye ibindi birebana n’ikibazo cawe.

Gusubira iwanyu

Niba ugomba gusubira iwanyu, ushobora gusaba abakora mu kibanza cakira abantu ingene woshobora kuronka imfashanyo yerekeranye n’urugendo.

Amahera

Uraronka amahera witwaza mu mufuko mu gihe uri mu kibaza cakira abasaba ubuhunzi. Igitigiri c’amahera kiba kinini mu gihe ari wewe wisumira ibifungurwa. Amahera nayo kugura impuzu, kwivuza, imiti, n’ibindi. Umukuru w’ikibanza cakira abasaba ubuhunzi ubamwo azocungera amahera yawe mu gihe uri umwana atari kumwe n’abakuze asaba ubuhungiro. Mufatira ingingo hamwe kuvy’amahera azokoreshwamwo. Baza abakozi bo mu kibanza cakira abantu ubamo ku gitigiri c’amahera ugenewe.

Last updated 03.08.2009
Published 03.08.2009

Utlendingsdirektoratet

The Norwegian Directorate

of Immigration

Pb. 8108 Dep.

NO-0032 Oslo

(+ 47) 23 35 15 00

www.udi.no/contact