Jump to main content Jump to search

Logo

 
  • Send to a friend tips en venn
  • Print skriv ut denne siden

Intangamarara



Izina ryanje ni Mohammad. Ubuyobozi bushinzwe uruja n’uruza rw’abantu (UDI) bwansavye kubagezako kano -gatabo; nkaba nibaza ko muzobona ko gafise akamaro kanini, kakagira n’insiguro mukeneye. 

Nd’umuganga nkaba naje muri Norvege ndi impunzi mu ntango y’umwaka wa 2004. Ntabwo maze igihe kirekire cane, ariko nzi ko kumenya ivy’ici gihugu ari ibintu vya nkenerwa cane. Nk’umuntu musha muri iki gihugu, uzosanga hari vyinshi ukwiriye gusobanukirwa, kandi uko umenya vyinshi bishobotse vya Norvege, niko bizokorohereza ubuzima mu gihe uhari. Ukeneye kumenya ingene ivy’uburezi bitunganijwe muri Norvege, kugirango abana bawe bamenye vyinshi bishoboka mu mashure. Ukeneye kumenya amategeko y’igihugu kugira ntihagire ayo utsitara ko. Ni na nkenegwa kumenya uko Abanya -Norvege babaho n’ingene bakora.

Abakenyezi bakeneye kumenya ibintu biri nkenerwa kubibaraba ubwabo. Imiryango ifise abana ikeneye kumenya ibibazo birabana n’imibereho yabo, kandi abana bakeneye kuronka amakuru ahuje nivyo bakeneye.

Abatemerewe ubuhunzi hari ivyo babwirizwa kumenya bitandukanye n’ivy’abemerewe kugerera muri Norvege.

Ivyanditswe muri kano gatabo bizosigurirwa neza aho bakirira abantu ku rwego rushinzwe ivyo kumenyesha amakuru; birashoboka ko uru rwego ruzovuga n’ibindi bitari bike. Urwego rwo kumenyesha amakuru ruranigisha ibindi vy’ingirakamaro bijanye n’ubuzima bwo muri Norvege.

Intumbero z’aka gatabo n’ukugirango kagufashe kumenya uburenganzira bwawe, ivy’ujejwe hamwe n’ivyiza biri muri Norvege woba uzemeregwa ubuhunzi canke uzosabwa kuhava.

Mu kibanza cakirirwamo abasaba ubuhungiro, muzobwirwa amategeko agenga inzu, amategeko ajanye n’ivyerekeye umuriro, amategeko ajanye n’ivyerekeye amahera, amategeko ajanye no kuba mur’ivyo bibanza, n’amategeko ajanye no kuja hanze yavyo. Wobaza abakozi mu kibanza cakirirwamo abasaba ubuhungiro ico wokora mu gihe ukeneye umuganga, ivyerekeye kwunguruza abantu aho utuye, amaduka, amashure asanzwe n’amashure y’abana bakiri bato. 

Ibibanza vyakira abantu birafise kandi ibindi bikorwa. Urashobora kubaza ibikorwa ushobora kujamwo ivyaribyo.


Last updated 03.08.2009
Published 03.08.2009

The Norwegian Directorate of Immigration, PB 8108 Dep, 0032 Oslo. Phone: (+ 47) 23 35 15 00. Contact Information Service. Contact web editor. Editor in chief: Ingeborg Grimsmo

asdasdads